Uko wahagera

Pakistani: Imran Khan Yahoze Ari Umushikiranganji wa Mbere Yahagaritswe


Imran Khan
Imran Khan

Abategetsi muri Pakistani, uno musi ku wa kabiri, bahagaritse, Imran Khan, yahoze ari umushikiranganji wa mbere, hanze ya sentare ku murwa mukuru, Islamabad. Khan ayoboye umugambwe ukomeye cane mu gihugu, Pakistan Tehreek-e-Insaf, PTI, mu mfunyapfunyo.

Imran Khan, umunyapolitike w’imyaka 70, yatawe mu mvuto igihe yariko aja muri sentare nkuru mu rubanza ku madosiye atari make akwirikiranwako arimwo iterabwoba, ruswa, guhemuka n’ibindi vyaha. Abamuburanira bavuze ko abamuhagaritse bamukubaguye imbere y’uko bamuta mu nvuto bakamushikiriza abategetsi bajejwe kurwanya ruswa. Umugambwe wa Khan, PTI wiyamirije ihagarikwa ryiwe.

Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Rana Sanaullah, yemeje ihagarikwa rya Imran Khan. Yiyamirije ivy’uko yoba yakubaguwe. Yabwiye abamenyeshamakuru ivyerekeye ivyaha vya ruswa Khan, umunyapolitike atavuga rumwe na reta akwirikiranwako.

Ambasaderi w’Ubudagi muri Pakistani, Alfred Grannas, yatangaje ko afise impungenge ku masanamu yerekeye ihagarikwa rya Imran Khan ariko ahererekanywa ku mbuga ngurukanabumenyi. Yasavye abantu kuguma batekanye ku mpande zose, ku neza y’igihugu. Yasavye kandi ko hoshirwa imbere ibiganiro mu ntumbero y’ugukora kugira intambwe zishikweko impande zose zikoreye hamwe.

Ihagarikwa rya Khan ryabaye amasaha makeyi inyuma y’uko yagirije umusirikare akomeye wo ku rwego rwa jenerali mu rwego rujejwe iperereza mu gihugu ko ariko ategura kumwica. Khan yagabishije ko bishobora gutuma Pakistani ija mu kajagari karengeye ibiherutse kuba mu gihugu ca Sri Lanka. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG