Uko wahagera

Sudani: Abarwana Batanze Akandi Gahengwe k'Amasaha 72


Abanyagihugu batonze kuri sitasiyo barondera ibitoro, Khartoum
Abanyagihugu batonze kuri sitasiyo barondera ibitoro, Khartoum

Impande ziriko zirarwana muri Sudani zagondojwe ziremera akamo zatewe n’amakungu ko kongereza agahengwe ko guhagarika intambara ayandi masaha 72.

Uko kumvikana guhagarika intambara kwari kuhasanzwe ariko nticabujije ko abariko bararwana batavyubahiriza. Aka kandi gahengwe katangajwe kugira hatangwe umuhora abantu bacamwo kandi n’abasivire bashobore guhabwa imfashanyo. Ariko intambara zarabandanije. Uruhande rumwe rwagiriza urundi kuba rutavyubahiriza.

Umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku bifungurwa, PAM, Cindy McCain yavuze kuri uyu wa mbere ko ico gisata ca ONU gikuyeho ingingo yo guhagarika ibikorwa cari carafashe igihe abakozi batatu ba PAM bicwa kw’itariki ya 15 z’ukwa kane.

Yavuze ko amareta ya Gedaref, Gezira, Kassala na White Nile ari yo vyitezwe ko agiye gutangirwamwo imfashanyo ku banyagihugu bazikeneye. Abantu barenga imiriyoni 15 bari basanzwe mu bihe vy’inzara muri Sudani imbere yuko iyi ntambara itangura. Yavuze kandi ko yiteze ko ibi biharuro vyiyongera mu gihe intambara zikibandanya.

Reta y’Ubwongereza yatangaje kuri uyu w’Imana ko yongereje imisi kugira indege yayo ibandanye ikura abanyagihugu muri Sudani. Indege ya nyuma y’Ubwongereza yavuye ku kibuga c’indege c’i Wadi Seidna ku musi wa gatandatu.

Intambara hagati y’igisirikare ca Sudani n’umuhari w’abaparakomando yatanguye kw’itariki ya 15 z’uku kwezi kwa kane. Abantu ibihumbi amacumi baravuye mu gihugu kubw’intambara zabandanije kwiyongera. Abandi baharurwa mu bihumbi amajana barishwe abandi ibihumbi barakomereka kuva izo ntambara zitangura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG