Uko wahagera

Sudani: Omar Al Bashir Yoba Yakuwe mw'Ibohero n'Igisirikare ca Reta


Omar al-Bashir ari mw'ibohero muri Sudani
Omar al-Bashir ari mw'ibohero muri Sudani

Igitero kw’ibohero rifungiwemwo Omar al-Bashir yakuwe ku butegetsi muri Sudani kwateye ibibazo vy’iyo yoba ari muri iki gihe. Igisirikare kivuga ko yashizwe mu kibanza gicungerewe, mu gihe umuhari w’abaparakomando wo uvuga ko igisirikare camuhungishije mu mugambi wo kumusubiza ku butegetsi.

Al-Bashir, yatwaye Sudani imyaka 30 mu gihugu cari mu ntambara no mu bihano cafatiwe n’amakungu. Ubutegetsi bwiwe bwatembagajwe mu 2019. Muri iki gihe aronderwa n’umutahe wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI ku vyaha vy’ihonyabwoko mu ntambara yo muri Darfur yo mu myaka y’2000.

Abategetsi ba gisirikare babwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press ko al-Bashir hamwe n’abategetsi bahoze bakomeye ku ntwaro yiwe bungururijwe mu kigo c’ubuvuzi ca gisirikare kiri i Khartoum. Abo bategetsi ntibashatse ko amazina yabo amenyekana, kandi bavuze ko batemerewe kuvuga ayo makuru mu bimenyeshamakuru.

Igisirikare cagiriza umuhari w’abaparakomando RSF kuba wateye ibohero rya Kober, urabohoza abanyororo kandi utako urahasahura. Uwo muhari urongowe na jenerali Mohammed Hamdan Dagalo ariko urahakana ivyo vyagiriji. Wo uvuga ko igisirikare ari co cabikoze mu mugambi wo gusubiza al-Bashir ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG