Uko wahagera

Sudani: Indege Zibandanya Gutahana Abanyamahanga


Indege itahukana Abafaransa
Indege itahukana Abafaransa

Muri Sudani, indege zirabandanya gutahukana abanyamahanga, mu gihe Abanyasudani bariko barahunga ingwano. Uyu musi ku wa mbere, indege zirungitswe n’ibihugu bitandukanye zahungikishije ababiserukira i Khartoum hamwe n’abandi banyagihugu.

Abanyasudani nabo babandanije guhunga akajagari hamwe n’ingwano birangwa mu gihugu cabo muri iki gihe bafise ubwoba ko abajenerali barongoye imirwi idacana uwaka, bazoca bakomeza ingwano kurusha, igihe abanyamahanga bazoba bamaze gutahukanwa.

Igikorwa co gutahukana abaserukira ibihugu vyabo, cabaye intureka ikiriko. Imodoka zikwirikirana zitwaye abaserukira ibihugu vyabo, abakozi hamwe n’imiryango yabo, zaciye mu mabarabara ari hagati y’ibibanza bitandukanya imirwi y’abasirikare irabana ay’ingwe, ku murwa mukuru Khartoum.

Indege za gisirikare z’urutavanako zo mu bihugu vya Bulaya n’ivy’Abarabu, zabandanije gutahukana abanyagihugu babyo ku musi w’ejo ku wa mungu n’uyu musi ku wa mbere. Ubufaransa n’Ubudagi vyatangaje ko izindi ndege zihungisha
abanyagihugu bavyo zishobora kurungikwa mu gihe umutekano utotosekara gusumba.

Yamara ku Banyesudani, gutahukana abaserukira ibihugu vyabo hamwe n’abandi banyamahanga inyuma y’aho ibihugu bikomeye vyo kw’isi binaniriwe akatari gake kwumvikanisha impande zigwana, biboneka nk’ikimenyetso c’uko iyo ngwano igiye kwiyongera.

Gushika ubu, ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu ryaratangaje ko abantu 420 barimwo abasivile 264 baramaze gusiga ubuzima muri iyo ngwano. Abarenga 3700 bayikomerekeyemwo. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG