Uko wahagera

Amerika Itangaza Amasaha 72 y'Agahengwe k'Intambara muri Sudani


Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze kuru uyu wa mbere ko impande zishamiranye muri Sudani zumvikanye guhagarika intambara ikiringo c’amasaha 72 uhereye sa sita z’ijoro zo kuri uyu wa mbere.

Ibi bitangajwe mu gihe ibihugu vyo mu burengero bw’isi, ivy’abarabu na Aziya biriko biratanguranwa gukurayo abenegihugu bavyo.

Umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu Anthony Blinken yavuze ko uyu mwumvikano washitsweko inyuma y’ibiganiro bitoroshe vyamaze imisi ibiri. Yavuze ko aka gahengwe k’intambara gatangura kuri uyu wa kabiri. Izi mpande ntizubahirije iyindi yumvikano yabaye mu ndwi iheze.

Ugutana mu mitwe hagati y’igisirikare ca reta hamwe n’umuhari w’abaparakomando wiswe Rapid Support Forces (RSF) kwatanguye kw’itariki ya 15 z’uku kwezi kwa kane. Abantu hafi 427 baramaze kuhasiga ubuzima, ibitaro birahagarika ibikorwa eka n’imihana y’abanyagihugu ihinduka urubuga rw’intambara.

Amerika isaba abashamiranye gushira mu ngiro aka gahengwe k’intambara bumvikanye. Umushikiranganji Blinken avuga ko Amerika iriko irakorana n’ibihugu vyo mu karere, ibindi bicuditse mu makungu hamwe n’abo vyega muri Sudani kugira iyi ntambara irangire ubutakigaruka.

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano gategekanya gukorana kuri uyu wa kabiri kuri Sudani. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG