Uko wahagera

Guterres Asaba ko Intambara Zihagarara Vuba muri Sudani


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yasavye ko ugushamirana muri Sudani bihagarara vuba. Yasavye kandi ko ibirwanisho vyohora kugira abayisilamu babashe kurangiza amafungo ya ramazani mu mahoro kandi n’abasivile bashobore gusohoka kurondera ibibabeshaho.

Guterres yabwiye abamenyeshamakuru ku cicaro ca ONU i New York ko iyi ikwiye kuba intambwe ya mbere izogana ku guhagarika intambara burundu.

Yabivuze ahejeje kuganira n’abakuru b’ishirahamwe rya Afrika, iry’Abarabu hamwe n’ishirahamwe IGAD, ry’ibihugu vyo muri ako karere. Yabonanye kandi n’abaserukira ibindi bihugu bifise igihagararo muri ako karere n’ico vyofasha. Iyi mibonano yabaye hifashishijwe ubuhinga bwa videwo.

Kuva intambara zaduka muri Sudani, Guterres ntahengeshanya kuganira kuri terefone kugira hagire icohinduka.

Uko gutana mu mitwe kwatanguye ku musi wa gatandatu hagati ya jenerali Abdel Fattah al-Burhan arongoye igisirikare ca reta hamwe na jenerari Mohamed Hamdan Dagalo, arongoye abaparakomando bo mu muhari Rapid Support Forces.

Guterres yavuze ko uguhagarika imirwano kubwirizwa gukurikirwa n’ibiganiro bizoshikana igihugu ku butegetsi mfatakibanza buzoba burongowe n’abasivire.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze kuri uyu wa kane ko abantu barenga 330 bamaze kwicwa n’abaharurwa mu 3.200 bakomeretse.

ONU yagabishije ko igisata c’amagara y’abantu co muri Sudani gishobora kuzimangana cose. Ibitaro bikeneye abandi bavuze, ibikoresho, birimwo n’amaraso. Umushikiranganji w’amagara y’abantu avuga ko ibitaro hafi 20 bimaze kugarwa. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG