Uko wahagera

Sudani: Abarwanira Ubutegetsi Bemeye Gushira Ibirwanisho Hasi mu Kiringo c'Amasaha 24


Igisirikare ca Sudani hamwe n’umugwi w’abasirikare bagwanya ubutegetsi bemeye gushira ibigwanisho hasi mu kiringo c’amasaha 24.

Ibimenyeshamakuru vyandika mu rurimi rw’icarabu vyatangaje ko ayo masezerano atangura gushirwa mu ngiro uno musi wa kabiri.

Ingwano hagati y’iyo mirwi y’abasirikare yaratumye ibice vy’igihugu bitandukanye bigwa mu kaga. Abanyasudani amamiriyoni baba ku murwa mukuru Khartoum bamaze imisi binyegeje mu mazu yabo mu gihe abandi baguye muri iyo ngwano hagati y’imirwi y’abasirikare.

Kuri uno musi wa kabiri nyene Ambasaderi wa Amerika muri Sudani yatangaje ko imodoka zikwirikirana za Ambasade ya Amerika zatewe. Ivyo vyabaye mu gihe uwo ambasaderi yariko akora ibishoboka kugira impande ziriko ziragwana zishire ibigwanisho hasi.

Ico gitero cakozwe ku banyamerika ejo ku musi wa mbere kije gikwirikira ubugizi bwa nabi bwakozwe ku rugo rw’umuserukizi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, hamwe n’igitero c’inkoho cakozwe ku rugo rw’umuserukizi w’igihugu ca Noruveje. Ivyo bitero vyose vyerekana ko uruhagarara muri Sudani ruriko rufata umurindi udasanzwe.

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rivuga ko abantu 185 bamaze guhitanwa n’imishamirano, abandi 1800 barakomereka kuva intambara itanguye ku musi wa gatandatu. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG