Uko wahagera

Sudani: Impande 2 Zirwanira Ubutegetsi Zirabandanya Gutana mu Mitwe


Abasirikare barwanira ubutegetsi bwa Sudani
Abasirikare barwanira ubutegetsi bwa Sudani

Ugutana mu mitwe gukomeye kwabandanaije, uno musi ku wa gatatu, mu mabarabara y'umurwa mukuru wa Sudani, Khartoum, ku musi ugira uwa gatanu. Ni inyuma y'uko agahengwe hagati y'impande zitana mu mitwe gasambutse.

Urwamo rw’amasasi n’amabombe vyumvikanye ku murwa mukuru, Khartoum. Ababa muri ico gisagara batangaje ko ugutana mu mitwe gukomeye hagati y’igisirikare ca reta n’inteko zayiyonkoyeko kwabereye hafi y’icicaro gikuru c’igisirikare mu gice kiri hagati ku murwa mukuru, Khartoum.

Itororokanyirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, Agence France Presse, AFP, ryatangaje ko abarwanyi biyonkoye kuri reta bari mu modoka z’igisirikare n’amakamyo bakwiragiye mu mabarabara y’umurwa mukuru, Khartoum, mu gihe indege z’ingwano z’igisirikare ca reta zariko zizunguruka hejuru y’ico gisagara aho zarasa mu bibanza abo barwanyi barimo.

Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi baba I Khartoum, batanguye guhunga ico gisagara inyuma y’uko binyegeje mu mazu yabo mu kiringo c’imisi itari mike. Umuyagankuba n’amazi vyaraciwe mu bice bitari bike vy’ico gisagara kuva ku
musi wa gatandatu w’indwi irangiye. Abantu batari bake barafise ubwoba bwo kuja hanze kugira bashobore kuronka ibifungurwa.

Igisirikare ca reta n’abarwanyi biyonkoye kuri reta bari bumvikanye ku vyerekeye kwubahiriza agahengwe inyuma y’akamo k’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Antony Blinken yavuganye kw’itelefone na Jenerali Abdel Fattah al Burhan, ayoboye igisirikare ca reta na Jenerali, Mohamed Hamdan Dagalo ayoboye inteko ziyonkoye kuri reta. Akamo ka Blinken kari kamwe mu twatewe n’abatari bake mu makungu kasaba ko amahoro agaruka muri Sudani. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG