Uko wahagera

Burundi: Umurwi CNIDH Wemeje ko Bunyoni Yahagaritswe


Jenerali Alain Guillaume Bunyoni
Jenerali Alain Guillaume Bunyoni

Ku rubuga rwawo rwa Twitter ni ho umurwi CNIDH wigenga ujejwe agateka ka zina muntu wabitangarije. Wanditse uvuga ko wagendeye Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi mu kibanza afungiwemwo kuri uyu wa gatandatu kandi ko atigeze aborezwa igufa canke ngo amererwe nabi.

Umurwi CNIDH wirinze gushikiriza ikibanza afungiwemwo. "Twebwe igikorwa cacu ni ukuraba ko agateka k'umuntu kubahirijwe. Ibisigaye ni inzego zibijejwe, umushikiranganji w'ubutungane n'umushikirizamanza kizigenza wa Republika babivuga", Ni ko Sixte Vigny Nimuraba, umukuru wa CNIDH yabwiye Ijwi ry'Amerika ibiro vy'i Nairobi ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu.

Mbega hoba hari abandi bantu bafatanywe na Alain Guillaume Bunyoni?

Kuri iki kibazo, umukuru wa CNIDH yishura ko ata wundi muntu n'umwe yafatanywe n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi.

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika yategetse isakwa ry'inyubakwa za Bunyoni ku misi ya mbere n'iya kabiri muri iyi ndwi ntaco arabivugako. Sylvestre Nyandwi n'umuvugizi w'ibiro vyiwe Agnès Bangiricenge ntibashobotse kuboneka kugira bishure ku bibazo vy'Ijwi ry'Amerika.

Ariko umukobwa w'imfura wa Bunyoni kuri uyu wa gatanu ku rubuga rwa Twitter yanditse atabaza yemeza ko se afungiwe mw'iperereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG