Uko wahagera

Prezida Museveni Yabangiriye Kwemeza Itegeko ku Bahuza Ibitsina Babisangiye


Prezida wa Uganda Yoweri Museveni
Prezida wa Uganda Yoweri Museveni

Prezida wa Uganda Yoweri Museveni yabagiriye kwemeza itegeko rihanisha igihano co gupfa ku bahuza ibitsina babisangiye. Yaciye arisubiza mu nama nshingamateka kugira barihinyanyure.

Iyo ngingo ya Museveni yatangajwe ku mugoroba wo kuri uyu wa kane inyuma y’aho abonaniye n’abashingamateka bo mu mugambwe wiwe uri ku butegetsi National Resistance Movement. Abo bashingamateka nka bose barashigikiye iryo tegeko.

Uwo mubonano warangiye hemejwe ko risubira mu bashingamateka hamwe n’intererano y’ivyokwongerwamwo. Ariko ivyo prezida yasavye ko bisubirwamwo ntivyatangajwe.

Inama nshinganateka na nkenguzamateka zemeje iryo tegeko kw’itariki ya 21 z’ukwa gatatu. Prezida abwirizwa kuryemeza imbere yuko ricika itegeko ry’igihugu.

Abahinga ba ONU bavuga ko mu gihe iryo tegeko ryosinywa, kwoba ari uguhonyanga uburenganzira bwa muntu, kandi Reta zunze ubumwe za Amerika yaragabishije ko Uganda ishobora kugira ingaruka muvy’ubutunzi mu gihe ryokwemezwa.

Mu kwezi guheze, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken yasavye reta ya Uganda kwisubirako kuri iryo tegeko. Yanditse kuri Twitter ko bishobora kuzosubiza inyuma ivyo Uganda imaze gushikako mu kurwanya umugera wa SIDA.

Iryo tegeko rihanisha igihano co gupfa ku bazofatwa bahuza ibitsina basanzwe bagendana umugera wa SIDA hamwe n’abatarakwiza imyaka 18. Rihanisha kandi umunyororo wo guherayo ku basambana bahuje ibitsina.

Rihanisha kandi umunyororo w’imyaka irenga 20 ku bavugira bakanaharanira uburenganzira bw’abakundana bahuje ibitsina. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG