Uko wahagera

USA: Ubushikiranganji bw'Ubutungane Busaba Kwemererwa Kurungika Imitungo y'Uburusiya muri Ukraine


Senate Judiciary Committee hearing in Washington
Senate Judiciary Committee hearing in Washington

Ubushikiranganji bw’ubutungane muri Reta zunze ubumwe za Amerika buriko burasaba kongre ngo ibuhe ubundi bubasha burenze ubwo bufise bubemerera kurungikira Ukraine ubutunzi bw’Uburusiya bwafashwe.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri, kongre ya Amerika yarahaye ububasha ubushikiranganji bw’ubutungane bwo kurungikira ubushikiranganji bw’imigenderanire amafaranga yavuye mu mitungo y’Uburusiya kugira azokoreshwe mu kubaka ivyasambuwe n’intambara muri Ukraine.

Ariko ubwo bubasha bwaraba gusa amatungo yafatiwe abatubahirije ibihano vyatangajwe mu mategeko ya prezida wa Amerika. Ariko amamiriyoni y’amadolari ari mu matungo yafashwe y’abategetsi b’Uburusiya na ba somambike babo ntashobora kurungikwa muri Ukraine.

Lisa Monaco, icegera c’umushikiranganji w’ubutungane yavuze ko kuva Uburusiya butera Ukraine mu kwezi kwa kabiri 2022, Amerika imaze gufata amatungo y’abatunzi b’Abarusiya hamwe n’abandi bashigikiye ubutegetsi bw’Uburusiya arenza igiciro c’imiriyoni 500 zamadolari.

Mu kiringo c’umwaka urenga kuva Uburusiya buteye Ukraine, ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Amerika bumaze guhana abantu barenga 30 bagirijwe kuba bararenze ku bihano vyafatiwe Uburusiya n’ibindi. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG