Uko wahagera

Prezida w'Uburusiya Yagendeye Intara 2 zo muri Ukraine


Prezida w'Uburusiya mu ntara ya Luhansk
Prezida w'Uburusiya mu ntara ya Luhansk

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, uno musi ku wa kabiri, yagendeye intara zo muri Ukraine za Kherson na Luhansk, aho abayobozi bakuru b'abasirikare bamuciriye ku mayange ku kugene ibintu vyifashe muri izo ntara.

Abategetsi b’Uburusiya berekanye amasanamu ya videwo yerekana Prezida Putin avuga ko kwumviriza ivyiyumviro vy’abo bayobozi b’abasirikare hamwe no gusangira amakuru bafise ari ibintu bikomeye kuri we.

Intara ya Kherson iri mu buseruko bwa Ukraine mu gihe intara ya Luhansk iri mu bumanuko bw’ico gihugu. Prezida Putin yatangaje ko yigaruriye izo ntara 2 mu kwezi kw’icenda mu mwaka urangiye. Igikorwa ciyamirijwe n’ibihugu vyinshi cane bigize urwego rukuru rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Umuhanuzi wa prezida wa Ukraine, Mykhailo Podolyak, uno musi ku wa kabiri, yanditse ku rubuga Twitter avuga ko Prezida Putin yagendera “intara zasambutse”, Uburusiya bwigaruriye. Podolyak yatangaje ko Putin ariko ahimbaza ivyaha vyakozwe n’inteko ziwe.

Uno musi ku wa kabiri kandi, abashikiranganji bjejwe imigenderanire b’umurwi G-7 w’ibihugu bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vy’ubutunzi, basohoreye hamwe itangazo rivuga ko ibitero Uburusiya buriko bukora muri Ukraine biciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

Basavye ko Uburusiya bukura inteko zabwo muri Ukraine budatevye kandi atavyo bubanje gusaba. Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, ku musi wa mbere, yaratangaje ko igihugu ciwe gishaka ko intambara muri Ukraine irangira bidatevye. (VOANEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG