Abarwanyi bashamikiye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu bafashe igisagara ca Tidermene, umurwa mukuru w’intara ya Menaka mu buraruko bwa Mali. Abategetsi hamwe n’abavyiboneye babwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ko iyo ntara nka yose iri mu minwe y’abajihadiste.
Igisagara ca Tidermene kiguye mu minwe y’intagondwa inyuma y’imirwano yari imaze amezi muri ako karere kabamwo abantu baharurwa mu bihumbi.
Ubutegetsi bwose bwo muri iyo ntara buri mu minwe y’uwo muhari. Ico gisagara cafashwe mw’ijoro ryo ku musi wa mbere.
Abasivile baharurwa mu bihumbi barishwe mu ntambara zahitiye muri ako karere, abandi barahunga ingo zabo ku bwinshi. Bamwe bahungiye mu gihugu kibanyi ca Nijeri.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko abajihadiste baciye bahana abanyagihugu bagirije ko bafashije reta canke banse kwifatanya na bo ku rugamba. (AFP)
Facebook Forum