Uko wahagera

FMI Yemereye Uburundi Ingurane y'Imiriyoni 261.7 z'Amadorali


Prezida Evariste Ndayishimiye na Madamu wiwe
Prezida Evariste Ndayishimiye na Madamu wiwe

Ikigega mpuzamakungu, FMI, cemereye Uburundi ingurane y'imiriyoni 261.7 z’amadorari y’Amerika. Ayo mafaranga FMI yemereye Uburundi buzoyishura bukebuke. Ni amafaranga FMI izotanga bukebuke mu kiringo c’imyaka 3 n’amezi hafi ane, kandi ku nyungu iri hasi.

Ayo mafaranga yose FMI yemereye Uburundi azotangwa biciye mu mugambi wayo wo gushigikira ibihugu “bikenye, kandi bisanzwe bifise amadeni y’igihe kirekire.”

Itangazo FMI yasohoye rivuga ko aya mafaranga yose azofasha Uburundi kunagura ubutunzi bwabwo “bwasinzikaye, yongera abushigikire mu migambi iganisha kw’iterambere rirama no kwibako nk’igihugu kidaheranye.”

Muri iryo tangazo, FMI yavuze ko ubutunzi bw’Uburundi ahanini bwasinzikajwe n’imvururu zo mu 2015 zatumye ico gihugu kitaronka amafaranga y’agaciro, ingaruka z’ikiza ca Covid-19, umwimbu utabaye mwiza bitewe n’imvura itaguye neza mu 2022, ikena ry’ifumbire ku barimyi, iduzwa ry’ibiciro vy’ivya nkenerwa, ukutaboneka kw’ivya nkenerwa biva mu makungu, intambara hagati ya Ukraine n'Uburusiya hamwe n’ibindi.

FMI mw’itangazo ryayo ivuga ko intambwe igiye gukurikira ari uko inzego nyobozi zayo zemeza aya mafaranga, hama akabona gutangwa: Abamaze kwumvikana kw’itangwa ry’ayo mafaranga ni abakozi bo ku rwego rwo hasi muri FMI na bamwe mu bategetsi bo mu Burundi.

Hari haheze imyaka igera kuri 8 FMI ata nfashanyo iha Uburundi. Amafaranga ya nyuma ico kigega cahaye Uburundi cayatanze mu 2015, imbere y’imvururu zatewe na manda ya gatatu y’Umuhisi Petero Nkurunziza.

Hambavu ya FMI, abandi basubiye gufasha Uburundi inyuma y’imyaka irenga 5 ni umuryango w’ubumwe bwa Buraya na reta zunze ubumwe z’Amerika. Ubumwe bwa Buraya n’Amerika naho vyongeye gufasha Uburundi, bivuga ariko ko hakiri agahaze mu vyo kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG