Uko wahagera

Ikibazo c'Amazi Meza mu Burundi Cifashe Gute?


Umwe mu bakenyezi bo mu Burundi
Umwe mu bakenyezi bo mu Burundi

Mu gihe ku wa 22 ntwarante isi yahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe amazi, hari intara zimwe zimwe mu Burundi abanyagihugu bahanzwe n'ikibazo c'amazi meza.

Nko mu ntara ya Makamba iri mu Burundi, abashobora gukoresha amazi meza bari hagati ya 52 na 65%. Benshi ni ababa ku migwa mikuru y’amakomine canke intara.

Mu mitumba y'iyo ntara Ijwi ry'Amerika ryakoreyemwo iki kibazo, hari aho usanga umuntumba wose ubako abantu bagera ku 2000 ata bombo ry’amazi bafise, canke bakarisangira ari rimwe.

Bamwe mu banyagihugu bemeza ko bikora ku mazi yo mu binogo canke mu myonga. Ni amazi aba arimwo ibicafu. Mu gihe abahinga bahanura kubanza kuyateka, aberwa n'iki kibazo bemeza ko udukwi twazimvye ataho bokura inkwi zo guteka n’izo gushusha amazi.

Mu mashure yo mu ntara ya Makamba, naho nyene amazi ni ikibazo gikomeye. Ku mashure agera ku 440 yo muri iyi ntara, 324 usanga ata mazi afise, canke bakaba barabubakiye ayo mazi ariko ata n’ima rikoroka. Bituma rero abanyeshure batekera ayo banywa, canke hageze ibikorwa vy’isuku bakayavoma mu mwonga uri hafi y’ishure.

Ndaruzaniye Berchmas ashinzwe ivy’amazi mu ntara ya Makamba, amenyesha ko amakomine afise ubukene bw’amazi meza ari Kayogoro na Kibago mu gice ca Kumoso kuko ata masoko y’amazi ahari co kimwe na Nyanza Lac. Uwo arongoye igisata c’amazi mu ntara ya Makamba, ati kugira twemeze ko amazi yashikiriye abanyagihugu, ni uko atawoba akija kuvoma ku metero zirenga 500, ariko mu ntara ya Makamba ntiturabishikako.

Kunywa amazi mabi rero, biratuma hagwirirana indwara zo mu nda. Nko kw’ivuriro ry’i Nyange muri komine Makamba hasanzwe hari ubukene bw’amazi meza, abapimwe indwara ziva kw’isuku rike canke kunywa amazi mabi, basanze benshi bwagwaye inzoka.

Ibiharuro vyerekana ko ku bagwaye 685 bapimwe inzoka zo munda muri nzero na ruhuhuma 2023, abagera ku 652 bagwaye inzoka zo mu nda, ni ukuvuga íbice vy’ijana 95.

Mw’ijambo ishirahamwe mpuzamakungu riharanira ineza y’ibibondo UNICEF rishikiriza, rimenyesha ko mu mwaka w’2021 ibice vy’ijana 42 vy’abarundi bari bagikoresha amazi mabi. 54% ntibari bwaronke amazi akwiye kugira bagire isuku aho babaye, nayo 92% ntavya nkenerwa bari bafise vyo gukaraba neza. Ivyo vyunyurwa n’ibiza n’isibe vyatumye inyubako 120 z’amazi zononekara.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru Ijwi ry'Amerika ryateguye riciye ku bakunzi bayo mu Burundi. Ni inkuru mwumva mu majwi y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Thierryve Ndayishimiye.

Ikibazo c'Amazi mu Burundi Cifashe Gute?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:44 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG