Mu gitero cakozwe mu gisagara ca Louisville muri reta ya Kentucky, abantu bashika kuri bane bishwe abandi bashika ku munani barakomereka. Uwukekwa kuba yakoze ico gitero ari mu bahasize ubuzima.
Ico gitero c’abagandagura abandi bakoresheje inkoho, kibaye ikigira ica 15 muri Amerika muri uno mwaka wonyene. Igitero caheruka, cahitanye abana batatu n’abantu bakuze batatu kw’ishure ryigenga ry’abakristu mu gisagara ca Nashville muri reta ya Tennessee.
Umuyobozi mukuru w’igipolisi mu gisagara ca Louisville yavuze ko abapolisi bashitse mu kibanza cabereyemwo ubwo bwicanyi kuri banki yitwa Old National Bank, amasasu akiriko arumvikana.
Ni igihe uwagize ico gitero yariko atana mu mitwi n’abacungera umutekano w’iyo banki. Ntibiramenyekana neza niba uwakoze ico gitero yishwe canke yiyahuye.
Mw’ijambo yashikirije afise akababaro kenshi, Buramatari wa Kentucky, Andy Beshear, yatangaje ko babiri mu bahasize ubuzima muri iyo nyubakwa iri kw’ibarabara rya East Main, bari abagenzi biwe ba hafi. Yagize ati “Ibi bintu ni agahinda”. Ati “Nabuze umugenzi wa hafi cane hamwe n’uwundi twari tuzinanye nawe nyene basize ubuzima muri ico gitero. Nizere ko ubuzima bwiwe buza kurokoka.”
Bubaye ubwa kabiri Buramatari Beshear abuze abagenzi mu bitero nk’ivyo kuva agiye mu mabanga yiwe. (AP)
Facebook Forum