Uko wahagera

USA: Abantu Batandatu Bishwe Barashwe kw'Ishure muri Tennessee


Abana bari kumwe n'abavyeyi kw'isengero rya Woodmont Baptist church inyuma yo kurasa kwabaye i Nashville, muri Tennessee, kw'itariki ya 27/03/2023.

Abantu batandatu bagizwe n’abana batatu b’abanyeshure hamwe n’abakuze batatu nyene bishwe kuri uyu wa mbere barashwe n’umuntu w’igitsina gore kw’ishure ry'intango muri reta ya Tennessee, mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika.

Igiporisi caruhiye kumwica kimurashe, uwo mukobwa kivuga ko yari afise imyaka 28.

Umuvugizi w’igiporisi mu gisagara ca Nashville, Don Aaron, yavuze ko uwo mukobwa yari afise inkoho zibiri ziremereye zirasira rimwe amasasu menshi hamwe n’iyindi ntoyi. Yavuze ko ubwo bwicanyi bwabereye kw’ishure ry’intango ry’abigenga ry’abo mw’ishengero ry’aba Presbyteriya i Nashville.

Ntibimenyerewe kubona ubwicanyi bukorwa n’abafise igitsina gore muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Mu bwicanyi kivunga 187 bumaze kuba kuva mu mwaka wa 1996, bune gusa bwakozwe n’abagore, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe ridaharanira inyungu z’amafaranga, The Violence Project, rikurikirana ku musi ku musi ubwicanyi kivuga. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG