Uko wahagera

Donald Trump Aritaba Ubutungane i New York


Donald Trump yitabye urukiko rwo mu mujyi wa New York. Aha ari imbere y'umucamanza
Donald Trump yitabye urukiko rwo mu mujyi wa New York. Aha ari imbere y'umucamanza

Vyitezwe ko Donald Trump yishikiriza ubutungane, uno musi ku wa kabiri. Araba abaye icese uwahoze ari prezida wa Amerika wa mbere yagirijwe ivyaha igihe aza kurenguka muri sentare yo mu gisagara ca New York. Ni inyuma y’uko umurwi w’abanyagihugu watowe gutohoza ivyaha uvyemeje mu ndwi irangiye.

Vyitezwe ko Trump amenyeshwa icese ivyaha yagirizwa uno musi ku wa kabiri. Biza guha akaryo abanyagihugu n’abamwunganira mu mategeko kumenya neza ivyaha yagirizwa. Televiziyo CNN yatangaje ko Trump azokwagirizwa ubwoko bw’ivyaha birenga 30 bijanye n’ugutanga amakuru atari yo mu bijanye n’imirimo yiwe.

Hari inyuma y’itohozwa ryakozwe rifatiye ku mafranga yarishe umupfasoni yakina amareresi yerekwa abakuze.

Itangazamakuru ntiriza kurekurirwa gushikiriza amakuru yerekeye ukurenguka kwa Donald Trump muri sentare i New York mu gihe bizoba biriko biraba.

Ni ingingo yafashwe n’umucamanza mw’ijoro ry’ejo ku musi wa mbere, inyuma y’uko yanse ivyari vyasabwe n’amashirahamwe atari make ajejwe gutangaza amakuru, harimwo CNN, vy’ugukwirikirana ukurenguka kwa Trump muri sentare mu gihe kuzoba kuriko kuraba.

Abunganira Trump mu mategeko batangaje ko Trump aza guhakana ivyaha yagirizwa, kandi aza kubeshuza ivyaha vyose yagirizwa, igihe biza kugaragazwa icese imbere yiwe.

Bitegekanijwe ko Trump yiyemeje kubandanya kwiyamamariza amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’i 2024, naho yagirijwe ivyaha, ashikiriza ijambo mw’ijoro ry’uno musi ku wa kabiri ari muri Reta ya Florida. (CNN)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG