Uko wahagera

Imyiyerekano mu Bufaransa Yatumye Umwami Charles III Asivya Urugendo


Imyiyerekano i Paris, kw'itariki ya 23/03/2023

Imyiyerekano yiyamiriza ivugururwa ry’itegeko kuri pansiyo mu Bufaransa ryatumye umwami w’Ubwongereza, Charles III, asivya ejo kuwa gatanu urugendo rwiwe yari gukora muri ico gihugu.

Iyi myiyerekano igaragaza umutekano muke urushiriza kuboneka hamwe n’ibibazo vya poritike bihanze Prezida, Emmanuel Macron.

Prezida w’Ubufaransa yaraneguye iyo myiyerekano hamwe n’ikubagurwa ryayibayemwo. Ni mu gihe abaharanira agateka ka muntu banegura inguvu zirenze urugero zakoreshejwe n’igiporisi.

Uru rugendo rwa mbere rw’umwami, Charles, mu mahanga, rwari rutumbereye gukomeza imigenderanire hagati y’Ubufaransa n’Ubwongereza.

Umugambi wo kuvugurura itegeko rya pansiyo utumbereye kurungika mu karuhuko k’izabukuru abafaransa ku myaka 64, mu gihe itegeko ririho ubu ribarungika bageze ku myaka 62. Abanyagihugu bashavujwe n’ingene Prezida Macron yashatse gukoresha igihagararo ciwe mu kurirungika mu nama nshingamateka ngo ryemezwe ritabanje guca mw’itora.

Igiporisi carahagaritse abantu barenga 450 ku musi wa kane, nkuko bishikirizwa n’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati.

Haruhande y’ivyo, abashika 441 mu bajejwe umutekano barakomeretse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG