Uko wahagera

Ku Ncuro ya Mbere Charles III Azogendera Ubufaransa n'Ubudagi


Umwamu charles III
Umwamu charles III

Umwami w'Ubwongereza, Charles III, azogira urugendo rwiwe rwa mbere rw'imisi itandatu mu mabanga yiwe, mu bihugu vy'Ubufransa n'Ubudagi. Urwo rugendo ruzotangura kw'italiki 26 y'uku kwezi kwa gatatu.

Muri urwo rugendo, umwami Charles III azoba ari kumwe n’umwamikazi, Camilla. Bazoshika ku murwa mukuru w’Ubufaransa, Paris, kw’itariki 26 y’uku kwezi kwa gatatu. Bazorangiza urugendo muri ico gihugu kw’itariki 29 y’uku kwezi.

Mu nyuma y’aho bazoja mu gihugu c’Ubudagi. Kuba umwami Charles III yahisemwo ivyo bihugu bibiri vyo ku mugabane w’Uburaya, ibihugu bicuditse cane n’Ubwongereza, bibonwa n’abantu benshi nk’akigoro ko gukomeza imigenderanire inyuma y’uko Ubwongezera buvuye mu muryango w’Ubumwe bw’Ubulaya. Urwo rugendo ruzoba rufise intumbero kandi yo kwerekana urukundo nyakwigendera, Umwamikazi Elizabeth II yari afitiye Ubufransa.

Charles III azoba umwami wa mbere w’Ubwongereza azoshikiriza ijambo inama nshingamateka na nkenguzamateka y’Ubufransa, hamwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka y’Ubudagi. Urugendo rwiwe mu Bufaransa ruzoba gatoyi inyuma y’uko umushikiranganji w’Ubwongereza, Rishi Sunak, agize urugendo rwa mbere muri ico gihugu kw’itariki 10 y’uku kwezi kwa gatatu. (BBC)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG