Uko wahagera

Ubwongereza Bushobora Gutwara Abimukira mu Rwanda Imbere y'Ici


Indege y'Ubwongereza yiteguye gutwara abimukira
Indege y'Ubwongereza yiteguye gutwara abimukira

Reta y’Ubwongereza imenyesha ko izoca itangura kurungika mu Rwanda, abimukira binjiye mu gihugu mu buryo butemewe n’amategeko, mu gihe amasentare yokwemeza ko iyo poritike yemewe n’amategeko.

Ibiro vy’ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu vyavuze kuri uyu w’Imana ko biteguye gutangura gutwara n’indege abo bimukira imbere y’uko iri ci ritangura.

Aya makuru avuzwe inyuma y’aho umushikiranganji w’Ubwongereza w’intwaro mu gihugu, Suella Braverman, agendeye u Rwanda. Uru rugendo rwari rutumbereye kwerekana ko reta yiwe igihagaze kuri uyo mugambi.

Yarabonanye na Prezida Paul Kagame hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire, Vincent Biruta. Yaragendeye kandi ahateguriwe kuzoshira abo bimukira bazoba bakuwe mu Bwongereza.

Ubwongereza n’u Rwanda vyarasinyiraniye amasezerano avuga ko bamwe mu bimukira bashika mu Bwongereza n’amato mato mato bazoca barungikwa bidatevye mu Rwanda. Kuva ayo masezerano agisinywe, yaciye ahura n’intambamyi z’ubutungane ku buryo gushika ubu ata n’umwe ararungikwa.

Abantu barenga 45.000 nibo bashitse mu Bwongereza n’amato mu 2022, ugereranije n’abashika 8.500 mu 2020.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu abona u Rwanda nk’igihugu agateka ka muntu katubahirijwe. Avuga ko ari bunyamaswa kurungika abantu mu gihugu kiri ku birometero 6.400 kandi batiyumvamwo kubamwo.

Reta y’Ubwongereza yarateguye itegeko rizibira umuntu wese ashitse muri ico gihugu n’ubwato canke n’ubundi buryo butemewe n’amategeko gusaba ubuhungiro. Mu gihe iyo nteguro y’itegeko yokwemezwa n’inama nshingamateka, reta yoca iza irafata abimukira bashitse igaca ibasubiza mu bihugu vyabo canke mu kindi gihugu cemera kubakira nk’u Rwanda.

Ikigo ca ONU cita ku mpunzi, HCR, kivuga ko iri tegeko ry’Ubwongereza riteye kubiri n’ivyo bwemeye mu masezerano mpuzamakungu yerekeye impunzi. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG