Uko wahagera

Irani Yatanze Ikigongwe ku Barenga 22.000 Bafatiwe mu Myiyerekano


Abari mu myiyerekano yiyamiriza urupfu rwa Mahsa Amini, i Tehran, kw'itariki ya 1/10/2022
Abari mu myiyerekano yiyamiriza urupfu rwa Mahsa Amini, i Tehran, kw'itariki ya 1/10/2022

Umukuru w’igisata c’ubutungane muri Irani avuga ko abantu barenga 22.000 bari barahagaritswe mu bihe vy’imyiyerekano iherutse mu mwaka uheze bagiriwe ikigongwe.

Itororokanirizo ry’amakuru rya reta, IRNA, ryavuze ko Gholamhossein Mohseni Ejehi, ari we yatanze iki gitigiri kuri uyu wa mbere.

Ico kimenyeshamakuru ca reta ya Irani cari giheruka gutangaza ko umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, ashobora kuzobabarira abantu benshi bafashwe mu myiyerekano.

Iyo myiyerekano yatanguye mu kwezi kw’icenda inyuma y’iyicwa ry’umwigeme w’imyaka 22 yitwa Mahsa Amini. Yapfiriye mu minwe y’igiporisi camufunze kimwagiriza guca kubiri n’imico y’igihugu mu bijanye n’inyambaro.

Abaharanira agateka ka muntu muri Irani bavuga ko abantu barenga 19.700 bahagaritswe muri iyo myiyerekano. Bavuga ko abashika 530 bishwe.

Irani ntiratanga igitigiri nyezina c’abishwe muri iyo myiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG