Uko wahagera

Irani Yabohoye Abagore 7 Baharanira Agateka ka Muntu Yari Yarapfunze


Abagore b'abanya-Irani barekuwe na reta.
Abagore b'abanya-Irani barekuwe na reta.

Irani yabohoye kuri uyu wa kane abagore indwi bo mu barwanira no guharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu n’abamenyeshamakuru. Bari bapfungiwe mw’ibohero ry’i Evin, ku murwa mukuru Teherani.

Ibimenyeshamakuru vyo hanze ya Irani vyavuze ko abo bagore barekuwe mu gihe Irani ikibandanya gufata abagize uruhara mu myiyerekano yatanguye mu kwezi kw’icenda.

Ntibiramenyekana nimba iryo rekurwa rifitaniye isano n’ikigongwe catangajwe n’ibiro vy’umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, mu ndwi iheze. Ivyo biro vyavuze ko yemeye guha ikigongwe igitigiri kinini c’abapfunzwe, barimwo n’abagiye mu myiyerekano ihitiye.

Abaharanira uburenganzira bwa muntu bo barerekanye ukutizigira iryo tangazo. Bavuze ko benshi muri bagenzi babo bakiri mu mabohero kandi n’abandi babandanya gufatwa.

Abategetsi ba Irani barafashe ibihumbi vy’abanyagihugu kuva hatangura imyiyerekano yakurikiye iyicwa rya Mahsa Amini, w’imyaka 22. Yari yafashwe n’igiporisi kimwagiriza kutubahiriza imico ijanye n’inyambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG