Uko wahagera

Jill Biden Yashitse muri Namibiya


Jill Biden akigera muri Namibiya
Jill Biden akigera muri Namibiya

Jill Biden umutambukanyi wa Prezida wa America yashitse muri Namibiya mu rugendo ruri mu migambi ya Prezida Biden yo gukomeza imigenderanire n’ibihugu vyo ku mugabane wa Africa.

Uwo mutambukanyi wa Prezida Biden yakiriwe ku kibuga c’indege muri ico gihugu n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Namibiya, Monika Geingos, aho yari kumwe n’abandi baserukizi ba Amerika muri ico gihugu n’abategetsi ba reta. Jill Biden yagiye muri ico gihugu aherekejwe n’umwuzukuru wiwe Naomi Biden.

Jill yakiriwe kandi n’abatamvyi bari baje baserukiye ubwoko butandukanye muri Namibiya aho bari mu myambaro y’amabara atukura, yera kumwe n’ubururu, n’ayandi bariko bararirimba bongera bamutambira.

Mu rugendo rugiye kumara imisi itanu ku mugabane wa Afrika, agiye kumara imisi ibiri ya mbere muri Namibiya aho kuri uno musi wa gatatu Jill Biden aruhereye mu bikorwa vyo gutera intege abakenyezi n’abigeme yongera avuga ku kibazo c’ikena ry’impfungurwa kiri mu karere k’ihembe rya Afrika.

Yashitse afata urugendo rw’imodoka rw’iminota 45 agiye gushikiriza urugori rw’amashurwe ku mva ry’intwari zitangiye ico gihugu mu ntambara. Bitegekanijwe kandi ko aza kwakirwa n’umukuru w’igihugu Hage Geingob n’umutambukanyi wiwe ku kirimba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG