Uko wahagera

Umukenyezi wa Prezida Biden mu Rugendo muri Namibiya na Kenya


Jill Biden, Umutambukanyi wa Prezida Joe Biden yakira abakenyezi b'abakuru b'ibihugu vya Afrika mu nama yahuje Afrika na Amerika i Washington, kw'itariki ya 14/12/2022
Jill Biden, Umutambukanyi wa Prezida Joe Biden yakira abakenyezi b'abakuru b'ibihugu vya Afrika mu nama yahuje Afrika na Amerika i Washington, kw'itariki ya 14/12/2022

Jill Biden, ari umutambukanyi wa prezida Joe Biden wa Amerika kuri uyu wa kabiri yafashe urugendo rumushikana muri Namibiya na Kenya, ku mugabane wa Afrika. Rubaye urugendo rwa mbere akoze kuri uyo mugabane nk’umutambukanyi wa Prezida.

Uru rugendo rutumbereye gukomeza igisata c’abakenyezi, ibibazo vy’abana hamwe n’ubukene bw’ibifungurwa bigaragara muri bimwe mu bice vya Afrika.

Jill Biden agendeye uwo mugabane inyuma y’aho mu kwezi kwa cumi na kabiri, umwaka wa 2022, Prezida Biden yemereye Afrika imiriyaridi 2 z’amadolari yo kurwanya ingorane zihanze uwo mugabane.

Jill Biden yaragendeye Afrika incuro zitanu igihe umutambukanyi wiwe Joe Biden yari icegera ca prezida. Ategekanya kuzomara imisi itanu muri urwo rugendo. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG