Uko wahagera

Amerika Yarashe Ikintu "Gisa n'Umuduga" Cari mu Kirere Cayo


John Kirby avugira akanama k'umutekano w'Amerika
John Kirby avugira akanama k'umutekano w'Amerika

Prezida w'Amerika, Joe Biden, yatanze itegeko ryo kurasa ikintu kitatangajwe izina cari mu kirere co muri Reta ya Alaska, iri mu buraruko bw'igihugu.

John Kirby avugira akanama k'umutekano w'Amerika yavuze ko ico kintu cashusha n'"akaduga gato". Kirby ntiyigeze avuga aho Amerika ikeka ko ico kintu cazananaye. Yemeje ko inzego zijejwe iperereza muri Amerika zamenye ico kintu ejo ku munsi wa kane, kandi ko iyo bataza kukirasa cari guteza insanganya indege zitandukanye.

Mu ndwi iheze, Amerika yari yarashe urupurizo runini, yemeje ko rwari rrwarungistwe n'Ubushinwa gusuma urusaku ku butaka bwayo. John Kirby yavuze ko ibisigarira vy'ico kintu kitaramenyekana ico ari co vyari bike cane ugereranije n'ibisigarira vy'urupurizo Amerika yarashe mu ndwi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG