Uko wahagera

EAC: Kenyatta Asaba M23 Kwubahiriza Amasezerano


Kenyatta n'abo muri M23
Kenyatta n'abo muri M23

Umuhuza w’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika, EAC, mu matati hagati na reta ya Kongo na M23 avuga ko ashima bivuye ku mutima ibikorwa biriko birakorwa n’abakuru b’ivyo bihugu ku bibazo bihanze Repuburika ya demokarasi ya Kongo. Yongeye arabashimira ku kuntu bitanga batiziganya kugira amahoro n’umutekano bigaruke muri ico gihugu.

Mu rwandiko yashize ahagaragara kuri uyu wa kane, Uhuru Kenyatta, arashima akamo baherutse gutera ko guhagarika intambara mu buseruko bwa Kongo. Ako kamo gasaba kandi ko impande zishamiranye zubahiriza ivyapfundikiwe i Luanda, vyongera bishimangirwa i Bujumbura. Yasavye imirwi yose ifise ibirwanisho kubishira hasi vuba bwango aca asaba umuhari M23 kuva mu bibanza vyavuzwe mu masezerano y’i Luanda.

Umuhuza Kenyatta asaba inteko z’akarere ziri muri RDC kuba magabo zikaja mu birindiro vyazo mu buseruko bw’igihugu mu buryo bwihuta. Nayo mu buraruko b’ico gihugu, yasavye izo nteko nyene kuja hagati y’abashamiranye, mu turere biboneka ko bemeye kuva mu birindiro bari bigaruriye.

Kuvyerekeye itangazo ryasozereye umubonano w’i Bujumbura, n’ishirwa mu ngiro ry’ivyumvikanyweko, umuhuza avuga ko agiye kwongereza inguvu mu gushira mu ngiro ivyumvikanywe mu biganiro vyiswe Nairobi-IV. Yiyemeje kurondera imfashanyo mu makungu no mu karere zo gufasha mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi w’amahoro. Avuga ko ishirwa mu ngiro rya Nairobi-IV ritoroshe, risaba gukorera hamwe n’abatanga imfashanyo zaba iz’amafaranga, n’ibikoresho.

Kugira amasezerano y’i Nairobi yihute kuja mu ngiro, umuhuza asaba impande zose vyega kunyarutsa gushira mu ngiro ivyumvikanyweko mu biganiro vy’imbere y’aho, vyiswe Nairobi-III.

Uhuru Kenyatta arangiza asaba amashirahamwe yo mu gihugu n’ay’abanyamahanga gufasha abasivile bariko barahura n’ingaruka z’iyo ntambara. Asaba ko abana, abagore n’abafise ubumuga butandukanye ari bo bokwitabwaho cane kuruta abandi. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG