Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Igiye Gukaza Imyimenyerezo ya Gisirikare n'Intambara


Kim Jong Un n'igisirikare ciwe
Kim Jong Un n'igisirikare ciwe

Prezida wa Koreya ya ruguru yategetse igisirikare ciwe kwongereza imyimenyerezo ya gisirikare n’imyiteguro y’intambara.

Ikigo ntaramakuru ca Leta ya Koreya ya ruguru catangaje kuri uno musi wa kabiri ko iryo tegeko ryasohotse mu nama y’umugambwe uri ku butegetsi, aho igisata cawo c’igisirikare cari cakoranye ejo ku musi wa mbere.

Iryo tegeko ritanzwe mu gihe igisirikare ca Kim Jong Un cari gisanzwe kiri mu bikorwa vy’imyimenyerezo y’ibirwanisho ruhonyanganda muri ako karere. Ni imyimenyerezo iboneka nk’agasotoro ku bihugu bibanyi, na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ivyo bibaye kandi mu gihe hari hamaze igihe hibonekeza imyiteguro y’ibikorwa bikomeye vy’umusi mukuru wa gisirikare uzoba ku murwa mukuru Pyongyang ku musi wa gatatu, wo guhimbaza imyaka 75 yo kwibuka intwari yatanguje igisirikare c’ico gihugu.

Ivyavuye muri iyo nama vyerekana ko ivyo bikorwa ari igabisha rya Pyongyang ko biteguriye kwongereza imyiyerekano ya gisirikare izokurikira iy’amamisile iheruka gukorwa mu mwaka uheze. Ni yo yabaye iya mbere myinshi itari bwibonekeze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG