Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Abandi Bafatanya n'Uburusiya mu Ntambara muri Ukraine


Inyubako y'ubushikiranganji bw'ubutunzi muri Amerika
Inyubako y'ubushikiranganji bw'ubutunzi muri Amerika

Reta zunze ubumwe za Amerika yashize ku rutonde rwirabura abandi bategetsi bikorera utwabo bafise aho bahuriye n’intambara Uburusiya burimwo muri Ukraine. Abafatiwe ibihano ni Umurusiya adandaza ibirwanisho, n’umuhungu wiwe. Hari kandi amakompanyi yo muri Aziya, Uburaya, no mu buseruko bwo hagati yagirizwa kugerageza gufasha Uburusiya kuronka ibirwanisho birwana muri Ukraine.

Ubushikiranganji bw’ubutunzi muri Amerika bwahanye uwo murusiya adandaza ibirwanisho, Igor Zimenkov, umuhungu wiwe, Jonatan hamwe n’amakompanyi yo muri Singapore, Shipre, Bulgariya na Isirayeli, n’ibindi bihugu.

Ibi bihano bifata amakonte ya banke bafitiye muri Amerika kandi babuzwa gukorera urudandazwa muri Amerika n’abanyamerika.

Hagati aho, Uburusiya bwavuze kuri uyu wa gatatu ko ibirwanisho birasa ikirere kirekire ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyarungikiye Ukraine ata bwoba biteye. Umuvugizi wa perezidanse y’Uburusiya, Dmitry Peskov yavuze ahubwo ko bigiye gukomeza intambara.

Nawe umushikiranganji wa Ukraine wo kwivuna abansi, Oleksii Reznikov, yavuze ko ashimira Ubufaransa kuba bwaratanze ibikoho vya muzinga, misile, burende, amazutu hamwe no kumenyereza abasirikare ba Ukraine. Hari inyuma yo kurangiza urugendo rwiwe mu Bufaransa. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG