Uko wahagera

Amerika Igiye Gufatira Ibihano Abacangero b'Uburusiya


John Kirby avugira urwego rujejwe umutekano w’igihugu muri Amerika,

Reta zunze ubumwe z’Amerika zashize umurwi w’abacangero b’Abarusiya, Wagner, ku rutonde rw’imirwi igizwe n’inkozi z’ikibi mpuzamakungu.

Mu bibi Amerika yegeka ku murwi wa Wagner, harimwo “urugomo uwo murwi ukorera muri Ukraine.” John Kirby avugira urwego rujejwe umutekano w’igihugu muri Amerika, yemeje ko abacangero bagera ku bihumbi 50 b’uwo murwi bari ku rugamba muri Ukraine.

Amerika isigura ko benshi mu bacangero ba Wagner Uburusiya bubakura mu mabohero. Amerika yagabishije ivuga ko vuba ifatira ibihano uwo murwi.

Ayandi makuru yatanzwe n’Amerika ajanye n’abacangero b’abarusiya, arimwo amasanamu yerekana “itirene z’Uburusiya ziriko zija gusomba ibirwanisho bikoreshwa n’uwo murwi muri Koreya ya Ruguru”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG