Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Burahava Bwongereza Ibihano kuri Irani


Imwe mu ndenge vyemeza ko Irani yadandaje ku Burusiya. Aha, yari yakoze igitero muri Ukraine .
Imwe mu ndenge vyemeza ko Irani yadandaje ku Burusiya. Aha, yari yakoze igitero muri Ukraine .

Uno munsi ku wa kane vyitezwe ko umuryango w’Ubumwe bwa Buraya wongereza ibihano kuri Irani na bamwe mu bategetsi mu vya gisirikare b’ico gihugu.

Uwo muryango uvuga ko ufise ivyemezo sindamusiga ko zimwe mu ndege zitagira umudereva (Drones) Uburusiya bwakoresheje mu kugaba ibitero muri Ukraine, bwazihawe na Irani.

Ejo ku wa gatatu, akanama k’umutekano muri ONU kakoranye kiga kuri iki kibazo, kagirako kemeza ko “Drone za Irani zasambuye Ukraine.” Irani n’Uburusiya birahakana ko ata drone za Irani Uburusiya bwakoresheje mu gutera Ukraine. Irani mbere yari yarasavye Ukraine ko boja mu biganiro bakayaga kuri iki kibazo, ariko Ukraine ihitamwo guhagarika imigederanire yose na Irani.

Igisata kijejwe ivy’imigenderanire y’Ubumwe bwa Buraya n’amakungu cemeza ko ata gisivya “ibihano biza vyateguwe, kuko ivyemezo vyose vyegeranijwe.”
Urutonde rw’abategetsi ba Irani Ubumwe bwa Buraya buza gufatira ibihano uno munsi, itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, ryabonye, ruriko abategetsi batatu bakuru mu gisiririkare ca Irani, barimwo uwugitwara.

Ibihano biza kwemezwa imbere y’inama y’ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya biza kandi gukora kuri sosiyete yo muri Irani yitwa, Shahed, ikora utudege tutagira umudereva.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG