Uko wahagera

Ukraine Iriko Isaba Ubufaransa Indege z'Intambara


Indege y'intambara Rafale y'Ubufaransa mu kigobe c'abaperse
Indege y'intambara Rafale y'Ubufaransa mu kigobe c'abaperse

Umushikiranganji wa Ukraine wo kwivuna abansi, Oleksii Reznikov yakoze urugendo mu Bufaransa kuri uyu wa kabiri. Yagiye kuganira n’abategetsi b’ico gihugu, abasaba indege z’intambara zo kurwanya igisirikare c’Uburusiya.

Abategetsi ba Ukraine bamaze igihe basaba ibihugu vyo muri OTANI bibafasha mu ntambara indege ariko ako kamo gasa n’akatariko karumvirwa.

Prezida w’Ubufaransa ku musi wa mbere yarabajijwe nimba agiye kuzorungika izo ndege, yavuze ko ata kidashoboka, ariko ko hari ivyo yashize imbere kugira iyo ntambuko ishikweko. Yavuze ko Ukraine ikwiye kugaba ivyo birwanisho ntibizokoreshwe mu gutera ku butaka bw’Uburusiya kugira ntibize vyandurutse intambara mu Burayi.

Prezida wa Amerika Joe Biden nawe yavuze ku musi wa mbere ko Amerika itariko irarungika indege z’intambara zo mu bwoko bwa F-16 muri Ukraine.

Ukraine yarahawe umuhango mu ndwi iza igihe Reta zunze ubumwe za Amerika n'Ubudagi vyemera kuzorungika ibiduga vya Bulende muri ico gihugu.

Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire n’amakungu, Dmytro Kuleba, yavuze kuri uyu wa kabiri ko ibihugu birenga icumi vyemeye kuzorungika ibimodoka vya burende zirenga 100. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG