Uko wahagera

Abanyarwanda n'Abakongomani mu Bahabwa Pasiporo z'Uburundi Binyuranye n'Amategeko


Pasiporo y'Uburundi
Pasiporo y'Uburundi

Igipolisi c'Uburundi cemeza ko muri iyi misi hari Abakongomani benshi n'Abanyarwanda baja mu Burundi kuronderayo impapuro z'inzira "passports" kugira baje cane cane mu bihugu vya Bulaya n'ibindi bihugu biteye imbere nka Amerika, Canada, Australiya n'ahandi.

Igipolisi c'ico gihugu cemeza ko cabimenye inyuma yaho hari bamwe muri bo birukanywe n'ivyo bihugu kigasanga umwidondoro wabo w'ukuri si Abarundi. Ildephonse Niyungeko, icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano mu Burundi asobanura ko abategetsi bo mu nzego z’ibanze n’abakozi bo mu kigo PAFE kijejwe gutanga impapuro ndengambibe babifisemwo uruhara.

Iruhande y’uwo muce, hari iyindi mirwi ibiri y’Abarundi bizezwa n’incuti zabo kubajana mu bihugu vya Bulaya, Amerika, Canada, Australiya n’ahandi ariko bakisanga mu kamashu nk’uko Niyungeko abimenyesha.

Ijwi ry’Amerika ryashoboye kumenya bamwe mu bagarukiye mu nzira berekeza i Bulaya inyuma yo kugwa muri ako kamashu. Umukenyezi yemeza ko amayeri y’umwe mu ncuti ziwe ari yo yamureheje. Yari yamwijeje kumugeza i Paris mu Bufaransa. Fyonda hasi wumve uko yabisiguye mu nkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza.

Ni Inde Aha Pasiporo z'Uburundi Abanyarwanda n'Abanyekongo?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:30 0:00

N’abagira amahirwe yo kugera iyo baja baracobogora nk’uko vyemezwa n’umwe mu babibwiye Ijwi ry'Amerika, yemeza ko kugira agere mu gihugu c’Ubudagi gusabayo ubuhungiro yaciye mu bihugu bitandatu vyose. Ubushikiranganji bujejwe umutekano mu Burundi bumaze kumenya Abarundi barenga 20 birukanywe n’ibihugu bari basuhukiyemwo mu mezi atandatu aheze.

Si mu bihugu vyo mu burengero bw’isi gusa Abarundi bamaze igihe bafatirwa. Mu ntango z’uku kwezi kwa mbere, igipolisi c’Ubuganda cahagaritse abagabo 23 n’umukenyezi umwe b’Abarundi cemeza ko bari baroye kugurishwa mu bihugu bishobora kuba ari ivyo mu kigobe c’Abarabu.

Mu mpera z’umwaka uheze, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwagiranye amasezerano n’amashirahamwe atanu yo korohereza no gukurikirana ivyerekeye Abarundi baja kurondera akazi mu bihugu vy’ikigobe c’Abarabu. Vyakozwe inyuma y’imyaka myinshi hibonekeza benshi mu baroye gukora muri ivyo bihugu bahohoterwa hakaba n’abicwa, cane cane abakenyezi n’abigeme.

Mu bo Uganda Yataye muri Yompi Harimwo Umugore 1
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:05 0:00

Mu mwaka uheze, Abarundi baharurwa mu bihumbi baragiye mu bihugu vy’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya binjiriye mu gihugu ca Serbie. Ico gihugu cugaye umuhora kuwa 22 ukwezi kw’icumi 2022 inyuma y’imyidogo y’ibihugu bigize uwo muryango vyavuze ko ibice 90% vy’Abarundi basuhukirayo baca ku butaka bwaco kubera amasezerano cari gifitaniye n’Uburundi ko Abarundi ata visa basabwa mu kukigeramwo.

Mu myaka umunani iheze, i ruhande y’igice c’umuriyoni w’Abarundi bahunze igihugu muri 2015 nk’uko vyemejwe na ONU, Abarundi batari bake barasuhukiye mu bihugu vy’akarere na cane cane urwaruka baja kurondera akazi, abenshi bari muri Kenya na Zambiya, ibitari bikunze kuboneka mbere no mu myaka y’intambara, Abarundi bakunda kuguma mu gihugu cabo nk’inyoni yironkeye icari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG