Uko wahagera

Serbiya Yahagaritse Amasezerano ya Visa Yagiranye n'Uburundi


Abarundi barimo kugura amatike y'indege i Bujumbura
Abarundi barimo kugura amatike y'indege i Bujumbura

Amasezerano yahagaritswe na Serbiya yamaze gutangura kugira ingaruka mbi ku Barundi bariko baja muri ico gihugu ca Buraya.

Ijwi ry’Amerika ryamenye ko hari abarenga 50 basubijwe inyuma kuva kuri uyu wa gatandatu bakuwe ku kibuga c’indege ca Katari na Turkiya. Ni abari bagiye muri Serbiya bafise pasiporo zisanzwe bishimikije amasezerano abaha uburenganzira bwo kwinjira muri ico gihugu ata ruhusha barinze gusaba.

Bamwe mu bari bageze muri Turkiya, bahamagaye ndetse uwuserukira Uburundi muri ico gihugu kugira barabe ko yobafasha bakandanya urungendo rwabo. Ayo masezerano ateye impari, ni ayemejwe mu kwezi kwa 6 umwaka w’2020, hagati y’Uburundi na Serbiya. Yavuga ko abanyagihugu b’ivyo bihugu bibiri bemerewe kubijamwo batarinze gusaba uruhusha rwa visa.

Ubu, itangazo rya Reta ya Serbiya ryagiye ahabona kuri uyu wa gatandatu rivuga ko abafise ubwo burenganzira bwo kudasaba visa ari abakoresha pasiporo y’abanyacubahiro gusa, hamwe n’abarungitswe na reta ku mvo z’akazi. N’ayo abafise pasiporo zisanzwe, basabwa kurondera uruhusha imbere y’uko bashika ku butaka bwa Serbiya.

Uburundi buvuga ko buzi iyo ngingo n’aho butarabimenyeshwa ku mugaragaro. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, Ines Sonia Niyubahwe, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ari ibisanzwe ko igihugu kanaka gifata ingingo z’umutekano.

Kuva mu ntango z’uyu mwaka, Abarundi batanguye kuja muri Serbiya ku bwinshi bishimikije ayo masezerano. Bagera Serbiya nk’inzira ibashikana gusaba ubuhungiro mu bihugu bitandukanye vya Buraya nk’Ububirigi, Ubuswise, Ubutariyano n’ahandi. Abarenga 20.000 bari bamaze kujayo muri ubwo buryo.

Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya urashima iyo ngingo. Ku rubuga rwa Twita, komiseri ajejwe ibibazo vyerekeye umubano mwiza, Olivér Várhelyi, yagize ati : “ Turashimiye cane twivuye inyuma igihugu ca Serbiya cafashe ingingo yo kuja ku murongo w’ibindi bihugu vya Buraya ku vyerekeye kwinjira muri ico gihugu hasabwe uruhusa. Twizeye ko vuba hatazogira igihinduka”. Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya wari umaze igihe wiyamiriza inyifato ya Serbiya, wita ko ari uwo kureka abimukira benshi bakaja gusaba ubuhungiro.

Ikinyamakuru « La Libre Belgique» co mu Bubiligi, candika ko igitigiri c’Abarundi basaba ubuhungiro muri ico gihugu cigwije incuro 8 mu kiringo c’amezi atatu aheze. Ibice 90% vy’abo ni abaciye muri Serbiya, barimwo n’abanyarwanda, abakongomani, abatanzaniya n’abaturuka mu bindi bihugu vy’akarere k’Afrika y’ibiyaga binini. Ni inzira abayiciyemwo bavuga ko itoroshe na gato. Ibi vyari vyatumye ishirahamwe rigwanya urudandazwa rw’abantu n’ubwimukira bwo mu kinyegero, rikorera i Bujumbura ritera akamo reta guhagurukira ico kibazo.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryamenye ni uko kompanyi z’indege nka Ethiopian Airlines, ibiro vy'i Bujumbura, zamaze kumenyesha abadandaza amatike y’indege ko kuva kuri uyu wa mungu ata muntu bazotwara muri Serbiya adafise uruhusha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG