Uko wahagera

Uburundi Bwahagaritse Ingendo z'Abarundi muri Serbie


Bamwe mu bagiye muri Serbiya
Bamwe mu bagiye muri Serbiya

Uburundi bwahagaritse mu kiringo gito ingendo zija mu gihugu ca Serbie kiri ku mugabane wa Bulaya. Ni inyuma y’aho hibonekereje abantu benshi, cane cane urwaruka ruva I Bujumbura rukaja gusaba ubuhungiro I Bulaya ruciye muri ico gihugu ca Serbie. Amashirahamwe yigenga arwanya urudandazwa rw’abantu avuga ko mu kwezi kumwe hari hasigaye hagenda abarenga 5000. Igipolisi cafashe abikika mu kiza muri urwo rudandazwa rw’abantu.

Amakuru Ijwi ry'Amerika rifise, akemezwa n’ishirahamwe rigwanya urudandazwa rw’abantu n’ubwimukira bwo mu kinyegero « ONLCT où est Ton Frère », yemeza ko abantu bari hagati y’i 3500 n’ 5000 buririra indege i Bujumbura bagiye muri ico gihugu ca Serbiya, mu kwezi kumwe. Ivyo bikaba vyiyongereye kuri urwo rugero guhera mu mezi atatu aheze.

Igipolisi catangaje ko gitewe amakenga n’iyo nzira. Kuri uyu wa gatatu, cerekanye abantu batatu cafashe, bagirizwa ko bafise uruhara mu kurungika urwaruka muri ivyo bihugu harimwo na Serbiya.

Abafata iyo nzira, bishimikiza amasezerano ari hagati y’Uburundi na Serbiya, yasubiwemwo n’ivyo bihugu 2 mu kwezi kwa 6 uyu mwaka. Ayo masezerano atanga uturusho ku muntu afise urupapuro rw’inzira Pasiporo y’Uburundi n’iya Serbiya, gutembera muri ivyo bihugu bibiri ata ruhusha rwo kwinjira mu gihugu kimwe canke ikindi (Visa) arinze gusaba.

Ubu, Uburundi bwikeka ko Abarundi batari bake bariko bikika inyuma y’utwo turusho mu guca muri Serbiya hanyuma bakaja gusaba ubuhungiro mu bihugu vya Bulaya. Ivyo biremezwa ndetse n’abamaze gufata iyo nzira, yamara bavuga ko izitanye.

Fyonda aho hasi wumbe ubuhamya bw'uwo Ijwi ry'Amerika ryise Bizimana kubera atashatse ko amazina yiwe amenyekana. Muri ubwo buhamya bwiwe, asigura ko yaciye mu bihugu 6 avuye muri Serbiya kugira ashike mu gihugu c’Ubudagi gusabayo ubuhungiro.

Urugendo Rurerure rw'Abarundi Bahungira i Buraya Baciye muri Serbiya
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:41 0:00

Bagenzi ba Bizimana, babwiye Ijwi ry'Amerika ko bamaze indwi zibiri canke zirenga bagenda n’amaguru, baduga imisozi ahandi naho bagaca mu mashamba.
Hari uruzi rumwe bajabuka, umwe muri bo yemeje ko mugenzi wabo yaruguyemwo, akahasiga ubuzima kuko rutoroshe kujabuka.

Yongerako abatari bake bamaze gusiga ubuzima muri iyo nzira iva muri Serbiya igaca muri Bosnie, Croatie, Slovenie, Italie n’Ubusuisse kugira bashike gusaba ubuhungiro mu bihugu vy’Ubufaransa, Ububiligi canke Ubudagi.

Abavuganye n'Ijwi ry'Amerika baribwiye ko iyo bafashe urugendo ari nka 50, hatabura 5 barwa mu nzira canke bakanyuruzwa. Ico bikoze, batubwiye ko bivana n’uburyo umuntu afise. Bati « Uwufise amafaranga akwiye aca mu nzira nziza ». Bavuga ko baba bagiye kurondera ubuzima bwiza i Bulaya.

Ikinyamakuru « La Libre » candikirwa mu Bubiligi, candika ko igitigiri c’Abarundi basaba ubuhungiro muri ico gihugu cigwije incuro 8 mu kiringo c’amezi atatu aheze.

Ibice 90% vy’abo ni abaciye muri Serbiya, barimwo n’Abanyarwanda, Abakongomani, Abatanzaniya n’abaturuka mu bindi bihugu vy’akarere ka Afrika y’ibiyaga binini.

Reta y’Uburundi yatangaje ko ibaye irahagarika ingendo zija muri ico gihugu ca Serbiya, mu kurindira ko amatohoza yimbitse akorwa. Ikompanyi z’indege nka Ethiopian Airlines zitwara abantu benshi muri ico gihugu c’I Bulaya zahawe amategeko yo kudasubira gutanga amatike y’indege. Ndetse n’abari bamaze kuriha, amatike yahagaritswe.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG