Uko wahagera

Amerika n'Ubudagi Bemeye Kuzorungikira Ukraine Bulende Zigezweho


Abasirikare ba Amerika muri Bulende M1 Abrams mu myimenyerezo ya gisirikare i Hohenfels, mu Budagi, kw'itariki ya 2/06/2022
Abasirikare ba Amerika muri Bulende M1 Abrams mu myimenyerezo ya gisirikare i Hohenfels, mu Budagi, kw'itariki ya 2/06/2022

Abasirikare b’Uburusiya bariko bitegurira ibitero vy’inyuma y’igihe c’ubukanye muri Ukraine bazohangana n’inteko za Ukraine zizoba zifise ibirwanisho bikomakomeye.

Ni inyuma y’amasezerano hagati ya Reta z’unze ubumwe za Amerika n’Ubudagi y’ugukomeza ubushobozi bwa Ukraine mu guha ico gihugu bimwe mu bimodoka vya bulende bikomeye cane kandi bironderwa cane kw’isi.

Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje uno musi ku wa gatatu ko zizoha Ukraine ibimodoka vya bulende 31 vyo mu bwoko bwa M1 Abrams. Ivyo bimodoka bibonwa n’abategetsi bo muri Amerika nk’ivya mbere kw’isi mu bushobozi n’inguvu. Bizoba bihagije kuri Ukraine kugira ishireho batayo nzima y’ivyo modoka.

Ingingo y’abategetsi ba Amerika yafashwe mu misi ya vuba ikwirikiye indwi zitari nke z’ibiganiro n’ibihugu bicuditse na Amerika, harimwo Ubudagi, yatumye Ubudagi nabwo nyene butangaza ko buzorungika ibimodoka vya blinde 14 vyo mu bwoko bwa Leopard 2. Bizotuma kandi ibindi bihugu bicuditse na Amerika birungika navyo nyene ivyo bimodoka bikorerwa mu Budagi.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yatangaje ko mu gihe igihe c’inyuma y’ubukanye kiriko kiregereza, inteko za Ukraine ziriko zikora kugira zikingire imbibe z’igihugu zaco. Ziriko kandi zitegurira ibindi bitero vy’uguhabuza ibice vyigaruriwe n’Uburusiya.

Prezida Biden yatangaje uno musi ku wa gatatu ko ingingo y’uguha Ukraine ibimodoka 31 vya blinde vyo mu bwoko bwa M1 Abrams, amezi 11 n’umusi umwe inyuma y’uko inteko z’Uburusiya zinjiye ubwa mbere muri Ukraine. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG