Uko wahagera

Misile y'Uburusiya muri Ukraine Yahitanye Abagera ku 40


Hamwe mu hatewe Misile
Hamwe mu hatewe Misile

Igitigiri c'abantu bahitanywe n'igitero ca misile cakozwe ku basivile mu gisagara ca Dnipro kiri mu buseruko bwa Ukraine kimaze kugera kuri 40. Ni igitero cihaye inkumbi kurusha ibindi mu bitero vy’amamisile Uburusiya bumaze igihe bukora mu bisagara vyo muri Ukraine biri kure y’ahabera ingwano.

Irengero ry’abandi batari bake ntirizwi. Abategetsi ba Ukraine bavuga ko abasivile bishwe ikivunga mu vyo bavuga ko ari iterabwoba vyerekana igituma bakeneye ibindi birwanisho bigenewe gutsinda inteko z’Uburusiya amezi 11 inyuma yuko zitanguye ibitero muri Ukraine. Uburusiya burahakana ko bukora ibitero n’impaka ku basivile.

Abategetsi ba Ukraine batangaje ko ata cizere bafise c’ugutora aboba bakiri bazima mu bisigarira vy’inyubakwa y’igorofa yakozweko igitero ca misile ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije mu gisagara ca Dnipro. Yamara Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yatangaje ko ibikorwa vy’ugutabara muri ico gisagara bizobandanya mu gihe cose hazoba hari amahirwe na make y’ugushobora gutora aboba bakiri bazima.

Prezida Zelensky, mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa mbere, yavuze ko abantu batari bake, harimwo abana 6, bashoboye gukurwa mu bisigarira vy’inyubakwa y’igorofa yakozweho igitero. Ababa mu gisagara ca Dnipro bari bagandaye uno musi ku wa mbere. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG