Uko wahagera

Ubwongereza Bwemereye Ukraine Ibimodoka vy’Ingwano


Isanamu y'imodoka Ubwongereza bwemereye Ukraine
Isanamu y'imodoka Ubwongereza bwemereye Ukraine

Ubwongereza bwemeye kurungikira Ukraine ibimodoka vy’ingwano birinda amasasu kandi bikomeye cane, kugira ishobore guhangana n’Uburusiya.

Yaba Ukraine canke Ubwongereza, nta ruhande na rumwe rwigeze rutomora igitigiri c’ibimodoka Ubwongereza buzoha Ukraine.

Prezida wa Ukraine yatangaje ano makuru yishimye ku rubuga rwiwe rwa Twitter agira ati: “ Mu kiganiro nagiranye n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, namushimiye ku ngingo yo kuturungikira ibimodoka bizodufasha ku rugamba. Iyi ngabire ni ubutumwa bukomeye ku bo dukorana.”

Ingabire Ubwongereza bwemereye Ukraine yatangajwe inyuma y’ibitero Uburusiya bwagavye mu bisagara bitandukanye vya Ukraine. Abategetsi ba Ukraine bavuze ko ivyo bitero vyononye cane amabarabara n’inyubakwa z’umurwa mukuru, Kiev. Nta makuru y’ibindi vyononekaye haba I Kiev canke mu bindi bisagara yatangajwe.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Rishi Sunak yemereye Ukraine iyo ngabire biciye mu kiganiro yakoranye kuri terefone na prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, uno munsi ku wa gatandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG