Uko wahagera

Umunyapolitike Tundu Lissu Atavuga Rumwe na Reta ya Tanzaniya Yatahutse


Umunyapolitike Tundu Lissu utavuga rumwe na Leta ya Tanzaniya
Umunyapolitike Tundu Lissu utavuga rumwe na Leta ya Tanzaniya

Tundu Lissu, umunyapolitike atavuga rumwe na Reta ya Tanzaniya, yigeze kuba umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu yatahutse mu gihugu ciwe uno musi ku wa gatatu, inyuma y'uko amaze imyaka irenga ibiri mu buhungiro i Bulaya. Yakiwe n'abantu bari mu kamwemwe.

Tundu Lissu atahutse inyuma y’uko Reta ya Tanzaniya ikuyeho ingingo yaziririza amakoraniro y’abanyapolitike. Tundu Lissu yahoze ari umushingamateka anebagura bikomeye reta, yari yavuye ubwa mbere mu gihugu agiye kwivuza mu mahanga. Hari inyuma y’uko arashwe incuro 16, mu gitero cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye ku murwa mukuru wa politike, Dodoma, mu mwaka w’i 2017.

Tundu Lissu, yahagaritswe incuro umunani mu mwaka w’i 2017 imbere y’uko araswa ico gihe. Yakiwe n’abantu isinzi ku kibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Julius Nyerere, imbere y’uko ashikiriza ijambo abari mw’ikoraniro ku murwa mukuru w’ubutunzi, Dar es Salaam. Yabonywe ariko azingagiza idarapo y’umugambwe wiwe, CHADEMA yicaye hejuru ku modoka, mu gihe yariko aramutsa abamushigikiye bari bakoraniye ku mabarabara bamukwirikira bari ku maguru, mu modoka no ku mapikipiki.

Tundu Lissu, yaratahutse mu gihugu ciwe mu kiringo c’amezi makeyi mu mwaka w’i 2020 guhiganwa mu matora n’uwari prezida muri ico gihe, John Magufuli. Yamara gatoyi inyuma y’amatora, yahungiye mu nyubakwa ya ambasade y’Ubudagi inyuma y’uko hari abari bagabishije kumwica. Mu nyuma y’aho yarasubiye guhunga igihugu ciwe. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG