Uko wahagera

Ikindi Gitero muri Reta ya Californiya Cahitanye 7


Polisi ifata uwukekwa ko yakoze igitero
Polisi ifata uwukekwa ko yakoze igitero

Imisi ibiri inyuma y'uko umuntu yitwaje inkoho yishe abantu 11 mu kibanza abantu batambiramwo mu gisagara ca Los Angeles, muri Reta ya Califoniya, muri Reta zunze ubumwe za Amerika, abandi bantu 7 bapfuye barashwe mu kibanza abantu bakoreramwo uburimyi hafi y'igisagara ca San Francisco, muri iyo reta nyene.

Abategetsi batangaje ko bataramenya impamvu zatumye abo bantu babiri bakora ubwicanyi nk’ubwo. Ivyo bitero 2 bisa n’ibitangaje, cane cane kubera abikekwa ko babikoze bari abantu bageze mu za bukuru. Abantu bafise imyaka irengeye abakora mu bisanzwe ubwicanyi bw’ikivunga buba akatari gake muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Buramatari wa Reta ya Califoniya, Gavin Newsom, yatangaje ko yagendeye abakomeretse mu bwicanyi bwakozwe n’umuntu yitwaje inkoho ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye mu gice ca Monterey Park, mu gisagara ca Los Angeles, igihe yaronka amakuru y’ubundi bwicanyi bwakozwe ejo ku musi wa
mbere mu buraruko bwa reta ya Californiya. Buramatari Newsom yatangaje ku rubuga Twitter ko amakuba aguma akwirikira ayandi.

Igitero co ku musi wa mbere cabereye mu gisagara kiri kw’ibahari ca Half Moon Bay, hafi y’ibilometero 48 mu bumanuko bw’igisagara ca San Francisco. Umuntu yitwaje inkoho yarashe ku mirwi y’abakozi bo mu mirima bari mu bibanza 2 bitandukanye. Abantu 7 barahasize ubuzima mu gihe uwundi umwe yakomeretse cane. Inyuma y’aho, uwakoze ubwo bubisha yaciye anyaga amagara.

Uwakoze ico gitero, yamenyekanye kw’izina rya Chunli Zhao, afise 67, yarafashwe aratabwa mu mvuto akanya gatoyi inyuma y’uko atowe yicaye mu modoka yiwe yari ihagaze hanze y’ibiro vy’igipolisi. Abategetsi bibaza ko yari aje kwishikana. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG