Uko wahagera

Kenya: Batatu Baguye mu Kibanza co Gucukura Ubutare


Ikarata ya Kenya
Ikarata ya Kenya

Muri Kenya abantu batatu bitavye Imana mu kibanza co gucukura ubutare caturitse. Iryo sanganya ryongeye rikomeretsa abandi batatu baciye banyarukanwa mu bitaro. Amasanganya nk’ayo yo mu bibanza bicukurirwamwo ubutare, ntamenyerewe muri Kenya.

Urwandiko rwasohowe n’ishirahamwe ricukura ubutare bw’agaciro ryitwa “Karebe Gold Mining”, rivuga ko abantu bacukura ubutaka mu buryo butemewe n’amategeko, bakoze ibintu vyatumye uruhome rwari rwarubatswe mu gukingira imyuzure hamwe no kuzitira ico kibanza, ruturika.

Iryo shirahamwe ryatangaje ko umutegetsi wo muri reta ya Kenya yari yarigendeye ejo ku musi wa mbere, araheza atanga amategeko abuza abantu bose bacukura ubutare badafise uburenganzira.

Rivuga kandi ko ryasavye abategetsi bo muri ako karere kuva mu mwaka 2021 gukora ibishobotse vyose kugira ngo batuze abantu babandanya gucukura ubutare batabifiye uburenganzira. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG