Uko wahagera

Nijeriya: Abakristu Basaba Ibirwanisho vyo Kwivuna Umwansi


Umupadiri ariko arageherza inkuka y'imisa muri Nijeriya
Umupadiri ariko arageherza inkuka y'imisa muri Nijeriya

Ishirahamwe ry’amashengero rukristu muri Nijeriya ryaneguye iyicwa ry’umupadiri katolika ryabaye ku musi w’Imana muri reta ya Nijeri, iri hagati mu gihugu. Babona ko bikwiye ko abakristu bafata ibirwanisho bakivuna umwansi. Abantu bitwaje ibirwanisho bakekwa kuba abayislamiste baraturiye inzu y’uwo mupadiri, batako nawe basiga bamuturiye araherengetera. Baciye barasa uwundi mupadiri yariko arahunga ico gitero ariko we yararokotse.

Haruhande y’iki gitero, ku musi w’Imana, igiporisi co muri reta ya Katsina, mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya cavuga ko abantu bitwaje ibirwanisho bateye urusengero, batwara abayoboke baryo icenda.

Imvo iri inyuma y’ivyo bitero ntiramenyekana ariko abitwaje ibirwanisho bakunze gutera amasengero no kwica abapadiri cane cane mu buraruko bw’igihugu.

Abategetsi ba Nijeriya baramaze imyaka barwanya imirwi inyuruza abantu, bagasaba amafaranga imbere yo kubarekura.

Nijeriya iriko kandi irahangana n’ugutana mu mitwe hagati y’amoko apfa amatongo n’ubwatsi bw’ibitungwa hamwe n’ibitero vy’imihari y’iterabwoba.

Prezida Muhammadu Buhari yari yiyemeje kurwanya iterabwoba igihe yimikwa mu mabanga haraheze imyaka umunani. VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG