Uko wahagera

Uganda Yemeza ko ata Bariko Barandura Ebola


Muri Uganda, uburere bwa Mubende na Kassanda bwari bumaze amezi abiri muri guma mu rugo kubera ikiza ca Ebola bwongeye kwidegemvya.

Reta ya Uganda yavanye muri guma mu rugo ubwo burere bwari mu bwagize ubwandu bwinshi bwa Ebola ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu.

Visi prezida wa Uganda, Jessica Alupo, yatangaje ivy'ino ngingo asigura ko ata bwandu bushasha, kandi muri utwo turere ata n'abakiri mu bitaro bakumiriwe kubera ico kiza. Yemeje ko Ebola isa nk'iyatujijwe. Madamu Jessica yamara avuga ko reta ikimeze magabo igihe cose ico kiza cokongera gutera.

Ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS, rivuga ko kugira ikiza cemezwe ko caranduranywe n'imizi, ari uko haba haheze imisi 42 ikurikirana ata muntu mushasha yacanduye. Umugwayi wa nyuma yanduye Ebola, Uganda yatangaje ko yavuye mu bitaro igenekerezo rya 30 ukwezi kwa cumi na rimwe.

Ebola yadutse muri Uganda mu mpera z'ukwezi kw'icenda yari iyo mu bwoko bwo muri Sudani, itarashobora kuronka urucanco ruyihasha. Kuva mu kw'icenda, yahitanye 56, abayanduye nabo bamaze kumenyekana ni 142 barimwo n'abo ku murwa mukuru, Kampala.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG