Uko wahagera

Uganda Yongereje Ikiringo Co Gukumira Ebola


Abakorera mu gisata c'amagara y'abantu mu bikorwa vyo gukumira Ebola
Abakorera mu gisata c'amagara y'abantu mu bikorwa vyo gukumira Ebola

Prezida wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni, yategetse ko ikiringo c’ingamba zo gukumira ikiza ca Ebola mu burere bubiri bugwiriyemwo ico kiza, congerezwako iminsi 21.

Uburere ico kiringo congerejwe ni Mubende na Kassanda. Ingamba zo gutuza Ebola zongerejweko ikiringo zirimwo ukugabanura amasaha yo kuba hanze, kubuza ingendo zitari ngombwa, iyugarwa ry’amasengero, inzu z’ubunywero n’amaduka amwe amwe.

Ebola kuva yaduka muri Uganda mu kwezi kwa cenda uno mwaka, imaze gukwiragira mu burere butandukanye burimwo umurwa mukuru, Kampala.

Abakorera mu gisata c’amagara y’abantu bemeza ko naho hari uburere bukivugwamwo Ebola, ibiharuro vy’abandura muri rusangi vyagabanutse. Prezida Museveni yavuze ko yishimiye uko ishusho y'abandura isa, ariko yumvikanisha ko hataragera guhimbaza.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwemeza ko ikiza ca Ebola muri Uganda kimaze guhitana 42 mu 141 bayanduye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG