Uko wahagera

Amerika Yemeye Guha Umuyagankuba Ibitaro 10.000 muri Afrika


Inama ya Afrika na USA
Inama ya Afrika na USA

Reta zunze ubumwe za Amerika yatangaje kuri uyu wa gatatu ko igiye gutanga imiriyoni 150 z’amadolari yo guha umuyagankuba ibitaro ku mugabane wa Afrika.

Uwo mugambi uzomara imyaka itanu watunganijwe n’ikigo ca Amerika kijejwe iterambere mpuzamakungu, USAID. Watangajwe mu nama iriko irahuza Amerika n’abakuru b’ibihugu vya Afrika.

USAID ivuga ko uwo mugambi utumbereye guha umuyagankuba ibitaro hafi 10.000 vyo mu karere ka Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara. Ako karere niko gafise ibibazo vyo kuvura abanyagihugu kubw’ubukene bw’amatara. Uwo mugambi uzoha kandi interineti ivyo bitaro.

Muri rusangi, ico kigo ca Amerika kivuga ko ibitaro 100.000 bitagira umuyagankuba ku mugabane wose wa Afrika. USAID rivuga ko amamiriyoni y’abantu barondera kuvurwa bahura n’ingorane z’ibitaro bitagira ivyuma vyo kubika incanco n’imiti. Ikindi n’uko hakena umuyagankuba mu bihe vyo kubaga abarwayi cane cane mw’ijoro.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG