Uko wahagera

Irani Yanyonze Uwa Kabiri ku Caha Kijanye n'Imyiyerekano


Ifoto ya Majidreza Rahnavard, yanyonzwe ahowe kuba yaragize uruhara mu myiyerekano
Ifoto ya Majidreza Rahnavard, yanyonzwe ahowe kuba yaragize uruhara mu myiyerekano

Irani kuri uyu wa mbere yavuze ko yishe inyonze umunyororo agira kabiri yagize uruhara mu myiyerekano yabaye mu gihugu cose. Yatanguye mu kwezi kw’icenda inyuma y’iyicwa ry’umwigeme yari mu minwe y’igiporisi kubwo kutitwikira mu mutwe uko bikwiye.

Itororokanirizo ry’amakuru, Mizan ryegukira ubushikiranganji bw’ubutungane muri Irani, ryavuze ko Majidreza Rahnavard yanyongewe mu gisagara ca Mashhad nko kugabisha abandi.

Rahnavard yagirijwe gucumita n’imbugita abajejwe umutekano babiri mu kwezi guheze muri ico gisagara. Hari inyuma yo gushavuzwa n’ubwicanyi bwariko bukorerwa abari mu myiyerekano. Iyo myiyerekano yatanguye mu gihugu inyuma y’urupfu rwa Mahsa Amini, w’imyaka 22, ari mu minwe y’igiporisi.

Abaharanira agateka ka muntu bavuga ko Irani yaciriye urwo gupfa abantu baharurwa mu macumi ata bantu bakurikiranye izo mburano. Abashika 488 barishwe mu mezi atatu iyo myiyerekano yamaze.

Umuntu wa mbere yaciriwe urwo gupfa yagirizwa ivyaha bifitaniye isano n’iyo myiyerekano yanyonzwe mu ndwi iheze.

Ibiro vya ONU vy’agateka ka zina muntu vyavuzwe ko bitewe amakenga n’iyicwa rya Rahnavard, kandi ko hari urundi rutonde rurorereye kunyongwa

@AP, AFP, Reuters.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG