Uko wahagera

Ububirigi Busaba u Rwanda Guhagarika "Gushigikira Abarwanyi ba M23”


Prezida w'u Rwanda kumwe n'uwa Kongo
Prezida w'u Rwanda kumwe n'uwa Kongo

Ububirigi bwasavye u Rwanda “guhagarika gushigikira umurwi wa M23.” Mw’itangazo ryasohowe ejo ku wa gatanu n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu, ico gihugu cavuze ko abarwanyi ba M23 babwirizwa gushira inkota hasi, u Rwanda narwo rugakoresha inzira zose mu kumvisha abarwanyi b’uwo muhari ko babwirizwa guhagarika ingwano.

Abategetsi ba Kongo, abahinga ba ONU na Reta zunze ubumwe z’Amerika bemeza ko u Rwanda rushigikiye umuhari wa M23. U Rwanda rwo yamara rurabihakana, ahubwo rukavuga ko abategetsi ba Kongo bashigikiye abarwanyi ba FDLR, barwiriyemwo abagirizwa Jenoside yakorewe abatutsi mu Rwanda mu 1994.

Itangazo ry’Ububirigi ryasavye Kongo “ guhagarika imigenderanire yose yaba nkana canke itaba nkana na FDLR”.

Muri iryo tangazo, Ububirigi bwasavye iyubahirizwa ry’ubwigenge bw’ibihugu vyo mu karere, bwongera busaba bushimitse ko amajambo yuzuye urwanko akongera agacanishamwo ahagarara.

Ububirigi bwateye kandi ivyatsi igandagurwa ry’abasivile biciwe mu burere bwa Kishishe na Bambo, bwumvikanisha ko abakoze ubwo bwicanyi vyanke bikunde bazohanwa.

Amatohoza y’ibanze ya ONU yemeza ko mu mpera z’ukwezi kwa cumi na rimwe, abarwanyi ba M23 bishe urw'agashinyaguro inzira karengane z’abasivile 131. Muri abo, harimwo abapfasoni 17 n’abana 12. Abo bose ONU yemeza ko ari abasivile bo mu buseruko bwa Kongo.

Ubumwe bwa Buraya ku wa kane nabwo bwasohoye itangazo rishusha nk’iry’Ububirigi, bwiyamiriza ubwicanyi bukorwa ku basivile ba Kongo. Iryo tangazo ryagira riti: “ Amasezerano yateweko igikumu abwirizwa kubahirizwa mu maguru masha. Imirwi yitwaje ibirwanisho itegerezwa guhagarika amabisha ikora, igashira inkoho hasi. Abashigikiye iyo mirwi bategerezwa kugarukiriza aho”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG