Uko wahagera

Katari: Argentine na Krowasiya Binjiye muri Kimwe ca Kabiri


Argentine ihejeje gutsinda Ubuholande
Argentine ihejeje gutsinda Ubuholande

Inkino za mbere za kimwe ca kane c’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru kibandanya kubera mu gihugu ca Katari zabaye ejo ku musi wa gatanu aho amakipe abiri ya mbere azokina kimwe ca kabiri yaraye amenyekanye.

Mu nkino za kimwe ca kane zabaye ejo ku musi wa gatanu, Krowasiya yatsinze Brezil amapenalti 4 kuri 2. Hari inyuma y’uko urukino hagati y’ayo ma ekipe abiri rurangiye ari igitsindo ku kindi mu kiringo c’iminuta 30 y’inyuma ya 90 yagenewe mu bisanzwe urukino rw’umupira w’amaguru.

Uwinjije igitsindo ku ruhande rwa Brezil imbere y’uko urukino ruja mu mapenalti ni umukinyi Neymar ku munuta w’i 105 mu gihe ku ruhande rwa Krowasiya uwinjije igitsindo ari umukinyi yitwa Bruno Petkovic ku munuta w’i 117. Igihe ayo ma ekipe abiri yagera ku mapenalti, abinjije ku ruhande rwa Krowasiya ni abakinyi Nikola Vlasic, Lavro Majer, Luka Modric na mislav Orsic mu gihe abinjije ibitsindo bibiri gusa ku ruhande rwa Brezil ari abakinyi, Casemiro na Pedro, abahushije ku ruhande rwa Brezil ari Rodrygo na Marquinhos.

Tubibutse ko Krowasiya yari yatsinze Ubuyapani ku mapenalti igihe ivyo bihugu vyompi vyahura muri kimwe c’umunani c’iki gikombe c’isi yose co muri Katari.

Kuva Brezil itsinze Ubudagi mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2002, yakuwe mu bikombe vy’isi yose vyakwirikiye n’ibihugu vyo ku mugabane w’Ubulaya incuro zitanu zikwirikirana kuva ico gihe.

Abantu batari bake babona ko iki ari igihe c’umukinyi Neymar c’ukuyobora igihugu ciwe ku ntsinzi y’igikombe c’isi yose inyuma y’imyaka 20 ivyo bitabaye. Inyuma y’uko Brezil isezeye mu gikombe c’uyu mwaka co muri Katari, umumenyereza mukuru w’ico gihugu, Tite yaciye yemeza ko atanze imihoho mu banga ryiwe ry’ukumenyereza umurwi nserukiragihugu wa Brezil.

Tite, afise imyaka 61, yari yatangaje imbere y’uko igikombe c’isi yose co muri Katari gitangura ko yari guhagarika kumenyereza umurwi nserukiragihugu inyuma y’uko ico gikombe kirangiye uko vyari kugenda kwonse kuri Brezil. Tite yatanguye kuba umumenyereza mukuru wa Brezil mu mwaka w’i 2016. Yaratsinze igikombe ca Copa America mu mwaka w’i 2019, yamara Brezil yasezeye incuro zibiri muri kimwe c’umunani c’igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2018 n’uyu mwaka w’i 2022 igihe ariwe yari umumenyereza mukuru.

Mu rukino rwa kimwe ca kane rugira kabiri rwabaye ejo ku musi wa gatanu, Argentine n’Ubuholande batsindanye ibitsindo 2 kuri 2. Ibitsindo vya Argentine vyinjijwe n’abakinyi Nahuel Molina ku munuta wa 35, na Lionel Messi kuri penalti ku munuta wa 73. Ibitsindo vy’Ubuholande vyinjijwe n’umukinyi, Weghorst ku munuta wa 83 n’i 101. Ayo ma ekipe yompi yategerejwe gukina iyindi minuta 30 y’inyuma y’aho kubera atashoboye gutsindana mu kiringo cahariwe mu bisanzwe urukino rw’umupira w’amaguru. Yaruhiye kuja mu mapenalti. Argentina yatsinze amapenalti 4 kuri 3 y’Ubuholande.

Argentine izohura na Krowasiya ku musi wa kabiri muri kimwe ca kabiri c’iki gikombe c’iyi yose co muri Katari. Iyindi mirwi 2 izohura muri kimwe ca kabiri iza kumenyekana uno musi ku wa gatandatu igihe Portugal iza guhura na Maroke, mu gihe Ubufaransa buza gukina n’Ubwongereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG