Uko wahagera

Katari: Senegal Yatashe Inyuma yo Gutsindwa n'Ubwongereza 3-0


Abakinyi ba Senegal inyuma yo gutsindwa n'Ubwongereza 3-0
Abakinyi ba Senegal inyuma yo gutsindwa n'Ubwongereza 3-0

Senegal yaraye isezerewe muri za nkino mpuzamakungu z’umupira w’amaguru ziriko zibera muri Katari, mu gutsindwa n’Ubwongereza 3-0. Maroke niyo ekipe yo ku mugabane wa Afrika isigaye ihanzwe amaso, mu rukino ruzoyihuza na Esupanye ejo ku musi wa kabiri.

Izi nkino zo mu gice ca 16 gishira ica nyuma zirabandanya.

Ejo kuw’Imana, Ubufaransa bwatsinze Polonye 3-1, nayo Ubwongereza bwirahira Senegal 3-0.

Kuri uyu wa mbere, urukino rwa mbere ruhuza Krowasiya n’Ubuyapani, mu gihe Brezile itana mu mitwe na Koreya y’Epfo.

Kugeza ubu, ekipe zine ni zo zimaze kuronka itike yo kuja muri kimwe ca kane kirangiriza iri higanwa. Nazo ni Ubuholande, Arjantine, Ubufaransa n’Ubwongereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG