Uko wahagera

HCR Ivuga ko Ihangayikishijwe n'Intambara muri Sudani y'Ubumanuko


Umurwi w'impunzi zo muri Sudani y'ubumanuko bahunze imishamirano i Lasu muri Sudani y'ubumanuko
Umurwi w'impunzi zo muri Sudani y'ubumanuko bahunze imishamirano i Lasu muri Sudani y'ubumanuko

Abategetsi bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR, barashikiriza amakenga y’intambara iri mu ntara ya Upper Nile muri Sudani y’ubumanuko. Iyo ntambara imaze gukura mu ngo abantu 20,000 kuva mu kwezi kwa munani, hamwe n’abandi bahungiye mu gihugu kibanyi ca Sudani.

Abatavugarumwe muri Sudani y’ubumanuko barasinye amasezerano y’amahoro mu 2018, yarangije intambara hagati y’abenegihugu yatanguye mu mpera za 2013.

Uwuserukira HCR muri Sudani y’ubumanuko, Arafat Jamal, avuga ko intambara yadutse mu gisagara ca Tonga muri reta ya Upper Nile kw’itariki ya 15 z’ukwa munani itandukanye n’izindi.

HCR ivuga ko abagore, abana n’abandi bagize igitigiri kinini c’abateshejwe ingo zabo. Abacitse kw’icumu bavuga ko bagenzi babo bishwe, bakomerekejwe abandi bakorerwa amabi atari make, harimwo n’ayatumbereye guhohotera igitsina gore.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG